Agahinda n'ikigandaro c'umupfasoni rurangiranwa mu Buhinde

Ikiziga ca Jayalalitha Uwufise ububasha kw’isanamu @AIADMK
Image caption Ikiziga ca Jayalalitha gipfutse ibendera ry'Ubuhinde kira aho umuntu wese ashobora kukibona

Ibihumbi n'ibihumbi bagandaye bariko baraja kunamira J Jayalalitha, umwe mubanye politike azwi cane.

Uwo mukuru w'abashikirangaji w'intara ya Tamil Nadu w'imyaka 68 yahitanywe n'ingwara y'umutima ku musi wa mungu isaha 23:30 mu masaha yo Buhindi (18:00GMT) ku musi wa mbere mu bitaro vya Apollo i Chennai.

Ikiziga ciwe gipfukishijwe ibendera y'igihugu kiri mu kibanza abantu bashobora kukibona.

Igitigiri c'igipolisi congerejwe muri iyo ntara yo mu bumanuko kubera ubwoba bw'uko hashobora kwaduka imidurumbanyo.

Ukwitanga kurenze urugero ni ntangarugero kuri benshi mu bamushigikiye, benshi muri bo bamufata nk'uuvyeyi wabo (Amma) vyatumye haba amakenga ko hashobora kwaduka imidurumbanyo.

Hakimenyekana urupfu rwiwe, habaye itana mu mitwe hagati y'igipolisi n'abakunzi biwe hanze y'ibitaro.

ariko ubu hari umutekano n'aho biboneka ko hari isinzi ry'abantu rishavuye riri ku murongo barindiriye gusezera ubwa nyuma Jayalalitha.

Benshi bariko bararira cane mu gihe abandi bikubita mu mutwe no mu gikiriza.

Uwufise ububasha kw’isanamu @AIADMK
Image caption Ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bariko baraja kumwunamira ubwa nyuma

Hatanzwe ikiringo c'imisi indwi c'ikigandaro mu ntara ya Tamil Nadu.

Reta y'Ubuhinde yamenyesheje ko ku musi wa kabiri azoba ari umusi w'akaruhuko wo kunamira uwo mupfasoni no kumushingurana iteka.

Umushikiranganji Narendra Modi yitezwe kuja i Chennai mu birori vyo kumushingura bitegekanijwe kuri uyu mugoroba.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hari ubwoba ko hashobora kuba imigumuko kubera uko abakunzi biwe bamwiyumvamwo
Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Bamwe mu bakunzi biwe biruka bakikije imodoka ireruye ikiziga ciwe i Chennai. Ifoto: 6 ukwezi kwa 12 mu 2016