Umugaba muri LRA yahakanye ivyaha aregwa na ICC

Dominic Ongwen avuga ko ivyo aregwa bibazwa LRA ngo siwe vyega Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Dominic Ongwen avuga ko ivyo aregwa bibazwa LRA ngo siwe vyega

Umugaba mu gisirikare c'umugwi w'inyeshamba zo muri Uganda, Lord's Resistance Army, yahakanye ivyaha aregwa na sentare mpanavyaha mpuzamakungu.

Dominic Ongwen yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara hamwe n'ivyo guhohotera ikiremwa muntu bishika ku mirongo ibiri n'indwi.

Aho ya renguka imbere y'iyo sentare i La Haye mu Buholandi, yavuze ko ivyo vyaha biraba LRA ngo siwe biraba, avuga ko mu gihe yinjijwe muri uwo mugwi nk'umwana w'umusirikare, nawe yahohotewe nawo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption "Kuba LRA yaranyinjije mu gisirikare nkiri umwana na jewe narahohotewe"

Umushinjacaha mukuru yavuze ko ibimenyetso vyerekana ko yari umwicanyi akanafata abagore ku nguvu.

Fatou Bensouda yavuze ko Dominic Ongwen yaduze vuba cane ipete kuko yiyerekanye nk'umurwanyi akomeye kandi akunda uwo mugwi.