Trump ntashaka indege nshasha y'umukuru w'igihugu

Indege nshasha z'umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika zigomba gutwara amahera imiriyaridi zitatu z'amadolari Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty/Images
Image caption Indege nshasha z'umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika zigomba gutwara amahera imiriyaridi zitatu z'amadolari

Uwuheruka kutsinda amatora muri Amerika, Donald Trump, avuga ko leta yari ikwiye guhagarika gukoresha indege nshasa z'umukuru w'igihugu.

Bwana Trump avuga ko igiciro c'izo ndege ari umurengera.

Yavuze ko igicoro c'indege nshasha za Air Force One, yavuze ko gishika ku miriyaridi zine z'amadolari, ari ikirenga.

Yagirije ishirahamwe rihingura indege, Boeing, kuba ririko riravyungukiramwo.

Umuguvugizi w'ibiro White House vy'umukuru wa Amerika, yatohoje ibivugwa na bwana Trump.

Amahera yategekanijwe kuri izo ndege nshasha ni imiriyaridi zitatu z'amadolari, kandi Boeing ntirahabwa ikiraka co kuzikora.

Iryo shirahamwe ubu ririko rirategura igishushanyo cayo cerekana ingene iyo indege yomera.

Ayo makuru amaze kumenyekana, agaciro c'imigabane ya Boeing kaciye kagabanukako hafi ya rimwe kw'ijana.