Umukuru wa LaMia airline yahitanye abakinyi ba Brezil yahagaritswe

Abakunzi n'incuti bagiye mu mihango yo kubashingura ku kibuga ca Chapecoense Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakunzi n'incuti bagiye mu mihango yo kubashingura ku kibuga ca Chapecoense

Abategetsi ba Bolivia bahagaritse umukuru wa kompanyi y'indege yagize impanuka igahitana abantu 71, harimwo abakinyi b'umugwi wa Chapecoense wo muri Brezil.

Gustavo Vargas umujenerali yagwanira mu kirere ari mu karuhuko k'iza bukuru, ari mu gasho kugira agirweko amatohoza.

Uyi ndege yakoreshwa na kompanyi ntoyi ya LaMia airline, yari itwaye uwo mugwi muri Colombia igiye igitoro cayikamana.

Umutegetsi umwe wo muri Bolivia avuga ko yagabishije umudereva kuri ico kibazo imbere y'uko ahaguruka.

Uwo mutegetsi, Celia Castedo, ubu ariko ararondera ubuhungiro muri Brezil, avuga ko yagizweko iterabwoba.

Umugwi wa Chapecoense wariko uraja mu gisagara ca Medellin gukina urukino rwa nyuma rw'igikombe ca Sudamericana na Atletico Nacional.

Iyo ndege yakorewe mu Bwongereza, Avro RJ85, yahezemwo igitoro yegereje ikibuga c'indege ca Medellin itariki 28 ukwezi kwa cumi na rimwe.

Amajwiyumvikanye, umudereva, Miguel Quiroga yariko aragabisha ko "amatara azimye" kandi ko "n'igitoro giheze".

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Paris Saint Germain n'imwe mu migwi yunamiye abakinyi ba Chapecoense mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere i Buraya.
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umushikirizamanza wa Bolivia ariko arafata ibintu mu biro vya LaMia i Santa Cruz