Umuhuza w'Abarundi Benjamin Mkapa yashitse i Bujumbura

Benjamin Mukapa yakiriwe n'umushikiranganji w'u Burundi ajejwe imigenderanire, Alain Aime Nyamitwe
Image caption Benjamin Mukapa yakiriwe n'umushikiranganji w'u Burundi ajejwe imigenderanire, Alain Aime Nyamitwe

Umuhuza mu biganiro vy'Abarundi bibera hanze, Benjamin William Mkapa, yashitse i Bujumbura kuri uyu wa gatatu aho azohura n'imigwi itandukanye

Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu ca Tanzania bitegekanijwe ko azobonana n'abarongoye igihugu, abanyepolitike, n'abaserukira ibihugu vyabo.

Aje gutegura iyindi nama y'ibiganiro bibera hanze, mu gihe iya nyuma yaheruka yabereye i Arusha muri Tanzania.

Impari ku bazotumirwa

Leta y'u Burundi ivuga ko hari abo badashobora kwicarana kuko baronderwa n'ubutungane ku ruhara bagize mu migumuko no mu kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015.

Image caption Intumwa z'abarundi zitavye ibiganiro vy'abarundi i Arusha muri Tanzania itariki 21 z'ukwezi kwa gatanu mu 2016

Bamwe muri abo bari muri CNARED, urunani rushingiye hanze y'igihugu rurimwo bamwe mu ndongizi z'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi.

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD uvuga ko ibiganiro bibera hanze bikwiye gutahukanwa mu Burundi bikunganira ivyo mu gihugu hagati bigeze ku ntambwe yanyuma.

Ivyo navyo hari ababinegura bavuga ko bihuza abiyumva mu butegetsi bwa leta gusa.

Benjamin Mkapa yagenywe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Africa y'uberuko mu mpera z'uw'2015 kugira yunganganire umukuru wa Uganda, Kaguta Museveni, mu guhuza Abarundi ku bibazo vyandurutse ku kiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu.