Abagwanya leta bavuye mu gisagara ca Alep muri Syria

Igisagara ca Alep cari kimaze imyaka ine mu minwe y'abagwanyi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igisagara ca Alep cari kimaze imyaka ine mu minwe y'abagwanyi

Abagwanyi bo muri Syria bavuye mu karere bari basigaranye mu gisagara ca Alep, nk’uko bivugwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe rya Syria riharanira agateka ka zina muntu rivuga ko abo bagwanyi bakuye meza inyuma y’intambara zikaze, mu gihe ingabo za reta zari zibasugereje muri ico gisagara kigira kabiri ca Syria.

Abagwanyi bari bamaze imyaka ine yarigaruriye ako karere.

Ingabo za Syria ubu zimaze gufata nk’ibice 75% vy’ubuseruko bwa Alep, ariko ubu bashaka kwigarurira ico gisagara cose.

Abagwanyi bari basigaye mu gace gusa ko mu buraruko bushira uburengero bw’ico gisagara inyuma y’aho ingabo za reta zibasugerereje, bataye baromoka ku musi wa gatatu mu gitondo, bahungira mu gace kari mu minwe yabo kari mu bumanuko.

Itororokanirizo ry’amakuru rya reta, Sana ryemeje ko igisirikare cigaruriye uturere tubiri tugizwe na Aghyol na Bab al-Hadid.

SOHR yavuze ko uturere dusigaye turi mu minwe y’abagwanyi turi mu bumanuko bushira ubuseruko bw’ico gisagara cagizweko ibitero bikomeye cane mw’ijoro.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ingabo za Syria zimaze kwigarurira hafi igisagara cose

N’imiburiburi abantu 15 biciwe mu bitero vy’ingabo za reta ku muri wa kabiri, nk’uko babandanya babivuga.

Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bugaraniwe mu turere twa nyuma turi mu minwe y’abagwanyi.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari Alep, Lyse Doucet, avuga ko abategetsi bariko baritegurira guhunga, mu gihe imiryango iriko iragerageza guhumba intambara ikarishe bitayoroheye.