Ikinyamakuru Time cagize Donald Trump umuntu w'umwaka

Donald Trump, "umuntu w'umwaka" mu 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Trump, "umuntu w'umwaka" mu 2016

Ikinyamakuru candikirwa muri Amerika, Time, cagize Donald Trump umuntu yigaragaraje kurusha abandi mu mwaka w'2016.

Vyatangarijwe ku murongo wa television NBC uno munsi.

Mu kiganiro yatanze bimaze kumenyeshwa, bwana Trump bariye ikiganiro ca NBC, Today, ko ari iteka rikomeye kandi ko bihambaye cane kuri we.

Yibukijwe ivyo yiyemeje ko azotangariza amakuru yiwe kuri Twittwer gusa, uyu mugabo aheruka gutsinda amatora y'umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yavuze ko akoresha Twitter kuko inyaruka mu gushikiriza ubutumwa abantu benshi.

Bwana Trump afise munsi gato y'abantu imiriyoni cumi n'indwi bamukurikira kuri Twitter.