Aleppo: umuryango Croix Rouge wimuye abagendana ubumuga

Ku batabawe, 118 bagwaye batwawe ku bitaro bitatu biri mu gace ko mu burengero kagenzurwa na reta Uwufise ububasha kw’isanamu NOOR HAZOURI/SARC
Image caption Ku batabawe, 118 bagwaye batwawe ku bitaro bitatu biri mu gace ko mu burengero kagenzurwa na reta

Abo bantu ngo nabari bananiwe kuronka ingene basohoka kubera ingwano ikomeye, bamara iminsi myinshi bari mu kigo c'abasaza mu gace k'igisagara ca kera kari kigaruriwe n'inyeshamba.

Benshi muri bo bafise ibikomere, abandi ntibashobora kuva aho bari.

Abandi cumi n'umwe barapfuye ata wurabashikira, bishwe n'amasase canke ukubura imiti.

Mu ndwi zitatu ziheze, inteko za reta zarigaruriye 75% z'ubuseruko bwa Aleppo, inyeshamba zari zimaze imyaka ine zigenzura.

Abantu baharugwa mu majana barishwe abandi ibihumbi n'ibihumbi bakurwa mu ngo n'intambara.

Abarenga 100,000 boba bakwamiye mu turere tukigenzurwa n'inyeshamba, aho ibifungurwa bitakivugwa, ibitaro bitagikora.

Igikorwa co kwimura abasaza bavanwa mu kigo ca Dar al-Safaa cakorewe hamwe n'imirwi "Syrian Arab Red Crescent" (SARC) na "International Committee of the Red Cross" (ICRC).

Catanguye mw'ijoro ryo ku munsi wa gatatu haheze amasaha inteko z'igihugu zigaruriye burundu agace k'igisagara ca kera Meshatyeh.

Image caption Ikarata yo muri Syria

Ico kigo c'abasaza caguwe kubera ingwano, cacumbikira abarwaye bo mu mutwe canke abagendana ubumuga, nkuko itangazo rya ICRC ribivuga.

Abanyagihugu b'aba civiles barenga 30 benshi muri bo bakomeretse niho bahungiye.

"Abo bagwayi hamwe n'abo ba civiles barakwamiye muri ako karere iminsi myinshi bitewe n'ingwano ikomeye, abashamiranye nabo baguma begera aho bari," uko ni ko uwurongoye ICRC muri Syria, Marianne Gasser ari muri kino gihe i Aleppo yavuze.

"Benshi muri bo ntibashobora kuva aho bari kandi barakeneye ababitaho. Bitegerezwa kuba vyari biteye ubwoba kuri bo. Kuva ku wa kabiri, bagenzi bacu ba "Syrian Arab Red Crescent" baguma bagerageza kubashikira ngo bahabakure.

Uwufise ububasha kw’isanamu NOOR HAZOURI/SARC
Image caption Ukwimura abantu kwatanguye inyuma y'amasha inteko za reta zigaruriye igisagara ca kera
Uwufise ububasha kw’isanamu NOOR HAZOURI/SARC
Image caption Umuvugizi wa ICRC yavuze ko abatabawe basa naho bari "baribagiwe" igihe c'ingwano

Mu batabawe, abagwayi 118 baciye bajanwa mu bitaro bitatu biri mu gace ko mu burengero kagenzurwa na reta, mu gihe abagabo 30, abagore n'abana baciye baja gucumbikirwa aho mu burengero bw'igisagara. Murabo bantu harimwo impfuvyi zitandatu n'abana bakiri bato cane.