Trump yagenye Pruitt mu bushikiranganji bw'ibidukikije

Donald Trump yagenye Pruitt mu bushikiranganji bw'ibidukikije
Image caption Donald Trump yagenye Pruitt mu bushikiranganji bw'ibidukikije

Prezida yatowe Donald Trump aragena uwunebagura cane politike ya prezida Obama ku bidukikije kurongora ubushikiranganji bw'ibidukikije.

Umushikirizamanza mukuru wa Oklahoma Scott Pruitt, w'imyaka 48, abonwa nk'umuntu ashigikiye amahinguriro y'ibitoro.

Yabaye umuntu akomeye mu kugwanya amategeko ya EPA yerekeye gusuka ivyuka mu kirere.

Abademokrates n'abaharanira ibidukikije mu Bwongereza bamwiyamirije, bavuga ko Pruitt ko adashaka ibihinduka mu kwubahiriza ibidukikije.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter

Igenwa rya Pruitt ntiriremezwa ku mugaragaro, ariko umuhanuzi mukuru wa Trump, Kellyanne Conway yabaye nk'uwuvyemeza ku musi wa gatatu ku mugoroba.

"Umushikirizamanza mukuru Pruitt ashoboye vyinshi kandi yakoze vyinshi… Turindiranye igishika imibonano yo kumwemeza," ni ko yavuze.