Ghana: Imigambwe ihiganwa isaba gusuzuma inkaratasi z'amatora.

Abantu barenga imiliyoni 15 nibo biyandikije gutora Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu barenga imiliyoni 15 nibo biyandikije gutora

Uwo murwi uhagarariye amatora uvuga ko udashobora gutangaza icavuye mu matora abaserukira imigambwe batabanje gukubitiza ijisho kuri ivyo vyegeranyo bivuye mu ntara z'amatora.

Mu gihe ivyegeranyo vy'ingene abanyagihugu batoye biguma bishika, umurwi ujejwe amatora wavuze ko udashobore kugira ico utangaje bitewe nuko abaserukira imigambwe banse kubiterako umukono.

Umuvugizi w'uwo murwi yabwiye abamenyeshamakuru ko uwuwurongoye yasavye intara z'amatora kurungika ivyo vyegeranyo ku biro bikuru biri ku murwa mukuru. Abironse ategekanya kuvyereka abaserukira imigambwe bashobora kubishirako umukono munyuma.

Mu makuru yashoboye gushikira BBC, bivugwa ko hoba hari abantu bagerageje kwinjira ku rubuga ngurukanabumenyi rw'umurwi ujejwe gukurikirana amatora ku munsi wa kane mu gitondo.

Uwo murwi wavuze ariko kutigeze uhangayikishwa n'ivyabaye bitewe nuko ngo ata makuru wari washize ku rubuga rwawo.

Mu gihe abanyagihugu barindiriye kumenya ingene amatora yagenze, imigambwe ibiri ihanganye yahaye ikiganiro ibigo vy'itangazamakuru isohora amatangazo ko abakandida bayo bahagaze neza ku bijanye n'amajwi bagezeko.

Umurwi ujejwe amatora wiyamirije ivyo iyo migambwe yashikirije, usaba abanyagihugu kutitaho ibiharuro vy'amajwi bicishwa ku rubuga ngurukanabumenyi.