United yinjiye mu mirwi 32 ya Europa League

Henrikh Mkhitaryan aheruka kwinjiza ibitsindo bitatu mu rukino rumwe ku kibuga ca Chornomorets akinira Borussia Dortmund
Image caption Henrikh Mkhitaryan aheruka kwinjiza ibitsindo bitatu mu rukino rumwe ku kibuga ca Chornomorets akinira Borussia Dortmund

Manchester United yinjiye mu gice co gukuranamwo ca Europa League mu gutsinda Zorya Luhansk, Henrikh Mkhitaryan akaba ariwe yabanje kwinjiza igitsindo ca mbere c'uwo murwi.

Aba Red Devils bagumye basatira muri urwo rukino rwabereye mu gisagara ca Odessa muri Ukraine, ariko urukino rwiza rukaba rwerekanywe na Wayne Rooney hamwe Paul Pogba batanga imipira miremire mu gice ca mbere naho bagumanye umupira 76%.

Mkhitaryan, amaze gukina inkino zitatu yikurikiranya, yacenze kuva mu kibuga hagati gushika yinjize igitsindo bavuye kuruhuka.

Umupira Sergio Romero yazibiye watumye umurwi uguma uri imbere gushika igihe Zlatan Ibrahimovic avudukiye akinjiza igitsindo catumye United wongera amanota uca uja inyuma y'umurwi Fenerbahce, watsinze ku kibuga ca Feyenoord.

Umurwi wa Jose Mourinho ubu uhagaze neza muri iryo higanwa uhejeje igice c'ijonjora uri uwa kabiri mu muce A, ukaba winjiye mu mirwi 32 ikenewe mu bice bigiye gukurikira.