Amerika yemeza ko Uburusiya bwafashije Trump mu matora

Uburusiya bwagirizwa kwiba amakuru yafashije Donald Trump gutsinda Hillary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uburusiya bwagirizwa kwiba amakuru yafashije Donald Trump gutsinda Hillary Clinton

Inzego zijejwe iperereza muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko Uburusiya bwafashije Donald Trump mu matora y'umukuru w'igihugu.

Ibitangazamakuru vyo muri Amerika bivuga ko igipolisi c'igihugu, FBI, hamwe n'ibiro bijejwe iperereza, CIA, vyemeza ata gukekeranya ko hari abantu bakorana n'Uburusiya bahaye urubuga Wikileaks ubutumwa email bwibwe, bw'abategura amatora y'aba Democrates.

Umugwi w'aba Republicain nawo waribwe amakuru ariko yoyo ntiyakwirakwijwe.

Abategura umuzo ku butegetsi wa bwana Trump bavuze ko ayo makuru adashobora kwizerwa.

Uburusiya bwari bumaze guhakana ibindi vyagiriji nk'ivyo vyo kwiba amakuru hakoreshejwe computer, hakoreshejwe uburyo bwitwa hacking mu Congereza.