AU ivuga ko ivyatangajwe na Jammeh ata gaciro bifise

AU yasavye abajejwe umutekano muri Gambia kuguma hagati Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption AU yasavye abajejwe umutekano muri Gambia kuguma hagati

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Africa rivuga ko ivyatanjwe n'umukuru w'igihugu ca Gambia yuko atemera ivyavuye mu matora, ata gaciro bifise.

Bwana Jammeh yabanje kwemera ko yatsinzwe anemeza ko azoshigikira uwamutsinze Adama Barrow.

AU yahamagariye bwana Jammeh kworosha ihererekana ry'ubutegetsi, inahamagarira igisirikare kuguma hagati.

Hari abasirikare benshi ku murwa mukuru wa Gambia, Banjul, bakaba bariko barashira ibizibira amasasu ku bibanza bikomeye vya leta.

Bwana Barrow yavuze ko bwana Jammeh yononye demokrasi mu kwanka kwemera ivyavuye mu matora.

Soma andi makuru kuri Gambia

Perezida Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora ya Gambia

Prezida yatowe yishimiye Gambia nshasha

Prezida Jammeh wa Gambia yatsinzwe amatora na Adamu Barrow