Igihuhusi Vardah cishe babiri mu bumanuko bw'Ubuhindi

Uwufise ububasha kw’isanamu IMRAN QURESHI
Image caption Ico gihuhusi kirimwo imvura nyinshi n'umuyaga ukomeye ugeza ku muvuduko wa 120km/h

Amashuli hamwe n'amaduka vyari vyugaye, ubuzi butandukanye bwahagaritswe ku kibuga c'indege mu gihe ico gihuhusi carimwo imvura nyinshi n'umuyaga ugeza ku muvuduko wa 120km/h.

Imirwi y'abasirikare hamwe n'abakozi bo mu kigo kijejwe gutabara "National Disaster Relief Force", hamwe n'amato abiri, bagumye bagavye.

Abarovyi ba Andhra Pradesh na Tamil Nadu babujijwe kwinjira mu kiyaga.

Intara ya Tamil Nadu mu itangazo yasohoye yavuze ko ibiti 260 biri mu gisagara vyaguye hasi bitewe n'umuyaga w'inguvu nyinshi. Hari n'uduce tw'igisagara twarengewe n'amazi.

Igihuhusi Vardah catandukiye agace ka 90 km bisigura ko kiza gucureha mu masaha abiri canke ane,"nkuko bivugwa na YK Reddy, umuyobozi w'igisata gikurikirana ivy'ihindagurika ry'ibihe i Hyderabad, mu kiganiro yagiranye na BBC Hindi. Yavuze ko inyuma yaho ico gihuhusi kizoba cagabanuye inguvu.

Ico gihuhusi kije haheze umwaka Chennai itewe n'imwuzure yononye ibitari bike ihitana abantu 70.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri 2011, abantu barenga 30 barapfuye, inzu nyinshi zirasambuka inyuma yaho igihuhusi gitereye mu gisagara ca Pondicherry.

Hanyuma mu kwezi kwa gatanu 2010, niburiburi abantu 23 barapfuye igihe igihuhusi gikomeye cane cononye ibintu vyinshi muri Andhra Pradesh.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuyaga ukomeye n'imvura nyinshi vyateye igisagara ca Chennai

Fishermen have been warned not to venture out to sea

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarovyo basabwe kudahirahira ngo binjire mu kiyaga
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igihuhusi Vardah kimanuka ku nkengera z'ikiyaga