Rwanda: amatora y'umukuru w'igihugu mu kwezi kw'umunani 2017

Ibwirizwa shingiro rishasha riha uburenganzira Prezida Paul Kagame kwitoza ku kiringo ca gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibwirizwa shingiro rishasha riha uburenganzira Prezida Paul Kagame kwitoza ku kiringo ca gatatu

Mu itangazo ryasohowe inyuma y'inama y'abashikiranganji, ayo matora azokorwa itariki zine, ukwezi kw'umunani 2017.

Imyiyamamazo izotangura mu kwezi kw'indwi ariko nta tariki yatanzwe, ariko abahiganwa ngo bakaba bazotangazwa imbere yuko igihe co kwiyamamaza gitangura.

Ibwirizwa shingiro rishasha riha uburenganzira Prezida Paul Kagame kwitoza ku kiringo ca gatatu.

Umuntu umwe rudende yari yamenyesheje ko agiye kuzitoza n'umupadiri wa Ekleziya Katolika Thomas Nahimana. Yari yagerageje gutaha mu gihugu ngo yandikishe n'umugambwe wiwe ariko ntivyakunda.

Padiri Thomas Nahimana na bagenzi we batatu barankiwe kubandanya mu gihugu c'Urwanda bari ku kibuga c'indege i Nairobi avuye mu Bufaransa iyo aba nk'impunzi.

Reta y'Urwanda ntiyigeze ivuga igituma atemerewe kubandanya urugendo gushika mu gihugu c'amavuko ariko ibigo bigwanira agateka k'abacitse ku icumu muri jenoside yo mu mwaka w'i 1994 bavuga ko igitabo yanditse ko kirimwo ivyiyumviro bihimiriza ku honyabwoko.