Turkia: Abagwanyi b'aba "curdes" bafashwe

Abo bantu bafashwe inyuma y'igitero cahitanye abantu 38 barimwo abapolisi 30. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abo bantu bafashwe inyuma y'igitero cahitanye abantu 38 barimwo abapolisi 30.

Ikigo c'itangazamakuru c'igihugu Anadolu, cavuze ko abafashwe mu gihugu cose ari abanywanyi b'umugambwe "Parti démocratique des peuples" (HDP).

Mu bafashwe harimwo abarongoye umugambwe HDP mu ma karitiye ya Istambul, Aysel Guzel, Ankara na Ibrahim Binici, ku bwa Anadolu.

Abanywanyi ba HDP bafashwe bikekwa kuba bakukira umugambwe "Parti des Travailleurs du Kurdistan" (PKK), ufatwa n'ubutegetsi bwa Ankara nk'umurwi w'iterabwoba, canke ukwiza inyigisho zishingiye kuri ivyo bikorwa, nkuko Anadolu yabandanije ivuga.

Iryo fatwa rikurikiranye n'igitero cahitanye abantu 38 barimwo abapolisi 30 ku wa gatandatu ku mugoroba.

Cemanzwe n'umurwi w'intagondwa z'aba curdes, "Faucons de la liberté du Kurdistan" (TAK).

Mu ntango z'ukwezi kwa cumi na rimwe, abarongoye HDP Selahattin Demirtas n'umupfasoni Figen Yüksekdag hamwe n'abashingamateka barenga cumi bari bafashwe ku wa gatanu barafungwa mu kurindira ko hakorwa amatohoza "ku bikorwa vy'iterabwoba" vyoba vyakozwe na PKK.

Umukuru w'igihugu ca Turkia Recep Tayyip Erdogan asanga HDP ikorana na PKK kandi yamenyesheje ko atakibona ko bovugana n'abarongoye uwo mugambwe avuga ko abanywanyi bawo baja mu bikorwa vy'iterabwoba.