Trump: Nta masezerano mashasha y'ubucuruzi ntwara

Trump avuga ko azokoresha abahungu biwe mu vyashara vyiwe ariko hari ababona ko bidahagije Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Trump avuga ko azokoresha abahungu biwe mu vyashara vyiwe ariko hari ababona ko bidahagije

Ku rubuga rwa Twitter yavuze ko "agiye gukoranya ibigo vy'itangazamakuru muri kazoza ka vuba", mu gihe amaze igihe kirekire ataratangaza ingene azofatanya ivyashara vyiwe n'ubuyobozi.

Umukuru yatowe w'igihugu ca Amerika yitezwe gutanga ikiganiro kuri ico kibazo ku munsi wa kane.

Trump yavuze ko azoca aboneraho gutangaza uwo yahisemwo kumubera umunyamabanga w'igihugu ku munsi wa kabiri.

Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Trump yavuze ko naho amategeko atabimutegeka, ko azohagarika kuja mu vyashara imbere y'itariki 20 z'ukwezi kwa mbere igihe bitegekanijwe ko atangura ku mugaragaro amabanga y'umu prezida.

"Babiri mu bana banje, Don na Eric hamwe n'abayobozi bazokora murivyo vyashara", niko yarungitse ubutumwa. "Nta masezerano mashasha y'ubucuruzi azokorwa mu gihe nzoba nkiri mu kazi".

Ntiyavuze ico umukobwa wiwe azwi cane Ivanka azokora, bamwe bakibaza ko ashobora guhabwa akazi mu buyobozi azoba agenzura.

Umuvugizi wa Trump mu kiringo mfatakibanza, Sean Spicer, yavuze ko ikiganiro co ku munsi wa kane cungurujwe kugira ngo ibikenewe vyose bishobore kuringanizwa.

Abipfuza kumwifatira mu gahanga bavuga ko Trump afise ivyashara vyinshi bishobora gutuma akoresha ubutegetsi azoba afise mu kubikingira.