Mikhail Gorbachev: Umugabo URSS yasambukiyeko

Mikhail Gorbachev yahora arongora igihugu c'Uburusiya
Image caption Mikhail Gorbachev yahora arongoye igihugu c'Uburusiya

Umumenyeshamakuru wa BBC Steve Rosenberg akorera i Moscou yahawe ikiganiro na Mikhail Gorbachev, imyaka 25 iheze URSS izimanganye.

Gorbachev w'imyaka 85, yamye agira ingorane z'amagara ariko ntawe banganya gutwenza.

Igihe twahura yanyeretse inkoni imufasha gutambuka. "Raba", avuga, "ubu nkeneye amaguru atatu ngo ntembere!"

Yemeye ko tuvugana ivy'igihe isi yahinduka: umunsi igihugu c'igihangange c'igi Soviet gitabagurika.

"Amabi yashikiye URSS ni je nayateye,"niko yambwiye. "Amabi ku muntu wese yaba muri Union Soviétique."

"Ryari ihirika ry'ubutegetsi"

Ku itariki 21 ukwezi kwa cumi na kabiri 1991, amakuru yo ku mugoroba ku mbonerakure atangura n'itangazo ritera imvutu: "Mwiriwe neza. Ano ni amakuru. URSS ntikibaho..."

Hari haheze iminsi, abatwara Russie, Bielorussie na Ukraine bahuye mu ntumbero yo gusambura Union Soviétique bagashinga ihwaniro ry'ibihugu vyikukiye mu vy'ubutunzi " Commonwealth of Independent States". Ico gihe ibindi bihugu umunani vyemera kuja hamwe na vyo.

Bose baba birahiye Mikhail Gorbachev: uwo mukuru w'igihugu c'igi Soviet aca atangura kugerageza ingene yohuriza ayo ma repubulika mu gihugu kimwe.

"Hari abantu bampenda nibaza ko turi kumwe,"Gorbachev niko yambwiye. "Baturiye inzu yose barondera umuriro wo kudomeka itabi. Barondera ubutegetsi. Ntibashobora kuburonka baciye mu nzira ya demokrasi. Bemeye gukora icaha. Ryari ihirika ry'ubutegetsi."

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Boris Yeltsin (hagati) arongoye abiyamiriza ihirika rikozwe n'aba Soviet b'intagondwa
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Itariki 25/12/1991: Mikhail Gorbachev atanga imihoho ku mbonerakure y'igihugu, URSS itakivugwa

Itariki 25 ukwezi kwa cumi na kabiri 1991, Mikhail Gorbachev yatangaje ko atanze imihoho ka Prezida wa Union Soviétique. Ku kibanza Kremlin idarapo y'igi Soviet ica iramanurwa ubwa nyuma.

"Nabona ko tugiye kwinjira mu ngwano nca mpitamwo kuvyirinda,"Gorbachev yibutsa.

"Abanyagihugu bacanyemwo hamwe n'ingwano mu gihugu nka kino cacu cuzuyemwo ibigwanisho birimwo n'ivya "nucleaire", yari gutuma abantu benshi bapfa n'ibintu bikononekara. Sinashobora kwemera ko ivyo bishika ngo ni ukurondera kuguma ku butegetsi. Gutanga imihoho yabaye intsinzi yanje."