Abateguye ibitero vya Paris "biciwe muri Syria"

Ibitero vy'inkoho na bombe i Paris itariki 13 ukwezi kwa cumi na rimwe vyishe 130 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibitero vy'inkoho na bombe i Paris itariki 13 ukwezi kwa cumi na rimwe vyishe 130

Itangazo ryavuye mu biro bikuru vya gisirikare Pentagone ryavuze ko abo bagabo bitwa Salah Gourmat na Sammy Djedou, bahora ari abanywanyi b'umurwi "Islamic State".

Uwa gatatu muri uwo murwi afitaniye isano n'igitero kitakunze co mu Bubiligi mu 2015, yishwe mu gitero c'itariki 4 ukwezi kwa 12, nkuko ico cegeranyo kivuga.

Uko ari batatu bariko barategura ibitero ku bibanza bitandukanye i Buraya, niko kivuga.

Bose uko ari batatu bari mu murwi urongowe na Boubaker Al-Hakim, yishwe mu kindi gitero c'indege itariki 16 ukwezi kwa cumi na rimwe, nkuko vyavuzwe n'umuvugizi wa Pentagone Peter Cook.

"Kino gitero kigaragaza inguvu twamizako duhiga abanywanyi ba ISIL (IS) barondera gutera Amerika, inyungu zacu n'abo dufashanya ku isi,"niko Cook yavuze.

Abanywanyi ba IS baremanze ibitero vyo ku murwa mukuru w'Ubufaransa vyo ku wa 13 ukwezi kwa cumi na rimwe 2015, vyibasiye inzu y'ibiteramo, ikibuga c'umupira, ibibanza vyo gufunguriramwo n'ubunywero. Abantu 130 nibo bishwe abarenga 350 barakomereka.