Abategetsi benshi muri Gambia guhanura Jammeh

Prezida Jammeh ashaka ko haba ayandi matora mashasha Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Prezida Jammeh ashaka ko haba ayandi matora mashasha

Prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari yitezwe muri Gamabia kugerageza kugondoza prezida Yahya Jammeh kuva ku butegetsi inyuma yo gutsindwa mu matora.

Prezida Buhari afata urugendo na prezida wa Liberia Ellen Johnson-Sirleaf, uwa Sierra Leone, Ernest Bai Koroma, hamwe n’uwa Ghana John Mahama na we aherutse gutsindwa mu matora mu ndwi iheze, kandi yamaze kumenyesha ko azova ku butegetsi mu kwezi kuza.

Inyuma yo kwemera ko yatsinzwe mu mpera z’indwi iheze, yarisubiyeko avuga ko atemeye ivyavuye mu matora, ahubwo asaba ko haba ayandi matora mashasha.

Prezida aheruka gutorwa Adama Barrow yakiriye neza umugambi w’urwo rugendo rw’abo bategetsi, bikaba bivugwa ko na we nyene aza kubonana na bo.