Trump yagenye Rex Tillerson mu bushikiranganji bw'imigenderanire

Rex Tillerson Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Rex Tillerson

Prezida yatowe muri Amerika Donald Trump yemeje ko umukuru wa kompanyi ya Exxon Mobil, Rex Tillerson ari we agiye kuba umushikiranganji w'imigenderanire y'ico gihugu.

Trump yarashimagije cane Tillerson w'imyaka 64 nk'umwe mu bantu b'abagwizatunga bakomeye kw'isi.

Bivugwa ko Tillerson afitaniye imigenderanire myiza na prezida w'Uburusiya Vladimir Putin, ivyo bikaba biteye umutima uhagaze abademokrate hamwe na bamwe muba republicains.

Iryo genwa ritegerezwa kwemezwa na senat.

Mu misi iheze vyaramenyekanye ko abajejwe iperereza bemeje ko Uburusiya bwagize uruhara mu matora kugira Trump atsinde.

Umushikiranganji w'imigendera ya Amerika ni we mutegetsi wo hejuru ajejwe ibibazo bikomeye Amerika ifitaniye n'amakungu.