Jose Mourinho akeneye akandi karyo ko kugura abakinyi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jose Mourinho yasinye amasezerano y'imyaka itatu mu ci riheze yo kumenyereza umurwi wa Manchester United

Inyuma y'amezi indwi Mourinho asubiriye Louis van Gaal, United ni aba gatandatu muri shampiyona ya Premier League, ikagira amanota 13 inyuma y'umurwi wa mbere Chelsea n'amanota atandatu inyuma y'imirwi ine ya mbere kino gihe yokwinjira mu ihiganwa rya Champions League.

Bari mu myimenyerezo yo kwitegurira guhura na Crystal Palace ku munsi wa gatatu, Mourinho yavuze ko yipfuza kugumya abakinyi afise muri kino gihe mu gihe gisigaye c'ihiganwa ry'uno mwaka.

Ariko hari ababwiye igisata c'inkino ca BBC ko ashobora kugira ivyo ahinduye.

United yakoresheje £480m kuva aho Sir Alex Ferguson agiriye mu karuhuko k'izabukuru mu 2013 amaze imyaka 26 amenyereza uwo murwi.

Mu 2014 niho batangura gukoresha amahera menshi batari bwashikeko baguze umukinyi wo hagati Juan Mata avuye muri Chelsea ku miliyoni £37.1 bongera batanga imiliyoni £59.7 ku mukinyi wo ku ruhande imbere Angel di Maria avuye muri Real Madrid mu mpera z'uwo mwaka.

Mu kwezi kw'umunani kw'uno mwaka, Mourinho yahawe amahera atari bwigere atangwa imiliyoni £89 yo kugura Paul Pogba avuye muri Juventus.

Mu vyo BBC yategereye nuko Mourinho azi ko bitoroshe kugurisha abakinyi bahembwa menshi ariko ngo ivyo biraba cane cane icegera c'umukuru w'umurwi Ed Woodward.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Memphis Depay amaze gukina inkino 53 muri United, yinjiza ibitsindo ndwi

Mourinho avuga ko "yiteguriye kwumviriza ukwo bomucira" ku mukinyi uwariwe wese.

Umunya Hollandi akina imbere Memphis Depay ari mu bashobora kugenda.

Uwo mukinyi w'imyaka 22 yinjiye muri United avuye PSV Eindhoven ku miliyoni £31 mu mwaka uheze ariko amaze gutangura gukina rimwe gusa muri rino higanwa bakina na Northampton mu ihiganwa EFL Cup itariki 21 ukwezi kw'icenda. Igihe ca nyuma aheruka gukina mu bihe indwi vyose yakinye iminota 79 asubirira abasohotse, ni igihe bahura na Feyenoord mu ihiganwa rya Europa League itariki 24 z'ukwezi kwa cumi na rimwe.

Umurwi wa Roma uri mu yama ihiganigwa igikombe uri mu mirwi ya Buraya yama iriko irarondera Depay. Everton nayo nyene iravugwa ko yipfuza kumukopesha ariko yokwipfuza kuja gutangura gushasha hanze y'Ubwongereza.

Uwundi ashobora kugenda mu kwezi kwa mbere ni Bastian Schweinsteiger yafashije ikipe y'Ubudagi gutwara igikombe c'isi yose.

Iruhande ya Depay na Schweinsteiger, abandi bakinyi batanguye gake munsi y'inkino zitanu za United muri rino higanwa ni umukinyi wo hagati Morgan Schneiderlin n'uwo ku ruhande imbere Ashley Young.

Schneiderlin yinjiye muri United avuye muri Southampton ku miliyoni £25 mu 2015, ku kiringo c'imyaka ine. Uwo mukinyi w'imyaka 27 aturuka mu gihugu c'Ubufaransa yarakina kenshi mu ntango y'ihiganwa ariko ku nkino zitatu yakinye muri Premier League yakinye iminota 11 muri zose.

Young afise imyaka 31, yasinye amasezerano yo kubandanya gukina iyindi myaka itatu mu 2015, akaba yari mu murwi w'abakinye imbere y'umunyezamu mu rukino ata murwi numwe winjije bahura na Liverpool itariki 17 ukwezi kw'icumi ariko akaba yasubiye gushirwa ku rutonde rw'abakina incuro zibiri gusa kuva ico gihe. West Brom iri mu bariko bararondera uwo mukinyi yigeze gukina mu murwi w'igihugu c'Ubwongereza.