Abakinyi ba Nigeria ba Super Falcons bari mu myiyerekano basaba agashirukabute

Aba Falcons bariko bagirira imyiyerekano inyuma y'Inama Nshingamateka i Abuja ku wa gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu SUMNER CHAGARI SAMBO
Image caption Aba Falcons bariko bagirira imyiyerekano inyuma y'Inama Nshingamateka i Abuja ku wa gatatu

Abakobwa bo mu gihugu ca Nigeria baheruka gutahukana intsinzi mu mupira w'amaguru bagiye kugirira imyiyerekano yo gusaba agashirukabute batarahabwa ku nyubakwa y'inama nshingamateka i Abuja aho Prezida Muhammadu Buhari yari yitezwe gutanguza ibikorwa vyo gushikiriza urutonde rw'amahera akenewe mu mwaka uza.

Abo bakinyi baciye baja ku kirimba ca Prezida Buhari aho umwe mu bategetsi yababwiye ko bazorihwa mu minsi ibiri.

Baranse kuva mu ihoteri iri hafi yaho gushika baronse agashirukabute ka $17,150 (£13,500).

Ku kirimba c'umukuru w'igihugu, umukuru w'ingabo Malam Abba Kyari yababwiye ko reta izi ingorane zabo abizeza ko izozikemura mu minsi ibiri.

Avugana n'umumenyeshamakuru wa BBC Naziru Mikailu i Abuja, umwe mu bakinyi yavuze ko bafashe ingingo yo gusubira ku ihoteri bakarindira ko reta ishira mu ngiro ivyo yemeye.

Ico kibazo cashikiriye n'abakinyi bakomeye cane ba Nigeria.

"Ndababajwe no kubona ingene umurwi Super Falcons watahukanye intsinzi ufashwe. Kino ni ikibazo cari gikwiye gukemurwa mu gateka k'abakunda inkino,"niko uwigeze kuba umukuru w'umurwi Super Eagles Joseph Yobo yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu SUMNER SAMBO
Image caption Umukuru w'ingabo Malam Abba Kyari yabwiye abo bakinyi b'umupira w'amaguru ko bazorihwa mu minsi ibiri

Abakinyi ba Super Falcons batwaye intsinzi igira umunani y'ihiganwa ry'abakobwa ry'ibihugu vya Afrika itariki 3 z'ukwezi kwa cumi na kabiri kuri 1-0 batsinze Cameroun yari yakiriye iryo higanwa.

Umurwi ugenzura umupira w'amaguru "Nigeria Football Federation" (NFF) uramaze kubaha amahera ari munsi ya $2,000 umwumwe.

NFF yoba yaremeye no kubaha akandi gashirukabute ko kuba bari bashoboye gushika mu mirwi ija muri iryo higanwa.

Iryo shirahamwe rikoresha uburyo rihawe na reta riri mu bihe bigoye inyuma yaho Nigeria yinjiriye ubwa mbere mu myaka irenga cumi mu bibazo vy'ubutunzi mu kwezi kw'umunani.