Burundi: Umurambo w'imfungwa watowe mu kabande

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Burundi: Umurambo w'imfungwa watowe mu kabande

Mu ntara ya Gitega haravugwa inkuru y'umurambo w'imfungwa watowe mu gitondo cy'uyu wa Gatatu nyuma yo 'guhunga ejo' ku maywa amaze 'kwivugana umupolisi' yari yamuherekeje hanze y'ibohero.

Uwo mufungwa yari azwi ku izina rya Renovat Nimubona, yari mu bandi umunani bashinjwa urupfu rwa Lt Jenerali Adolphe Nshimirimana, wahoze ayobora ibiro bikuru by' iperereza, wishwe mu mwaka wa 2015.

Umuvugizi w'igipolisi cy'Uburundi, Pierre Nkurikiye, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko uwo mugabo yarashwe ariko agakomeza kwiruka.

Yagize ati:

"Hari mu ma saa sita y'umutaga".

Bwana Ngarukiye yavuze ko mu batawe muri yombi barimo n'umuyobozi wungirije wa gereza ya Gitega n'abakozi babiri ba hoteli.

Yasobanuye ati:

"Biboneka ko uwo mugambi wo gutoroka ari umugambi bari bakoreye hamwe kandi barawuteguye igihe kirekire."