Umukobwa wa prezida Guebuza yishwe

Velentina Guebuza
Image caption Velentina Guebuza

Umukobwa w’uwahoze ari prezida wa Mozambique, Armando Guebuza, Valentina Guebuza bivugwa ko yishwe arashwe ku mugwa mukuru I Maputo.

Umugabo wiwe, Zofino Muiuane yahagaritswe n’igipolisi kubera ubwo bwicanyi bwabaye ku musi wa gatatu.

Umupfsoni Guebuza yari afise imyaka 36, bikavugwa ko yarashwe amasase menshi muhira iwe aca arapfa azize ibikomere bariko baramutwara kwa muganga.

Umugabo wiwe yafatiwe muri kimwe mu bibanza vyo kwinezererezamwo mu gisagara ca Maputo, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru kimwe.

Valentina Guebuza yashizwe mu kibanza c’indwi mu bapfasoni bafise igihagararo ku mugabane wa Afrika n’ikinyamakuru ca Forbes mu mwaka wa 2013.

Yararanguye amabanga ahambaye mu makompanyi menshi zo guhanahana amakuru n’ayo ubudandaji y’umuryango wiwe.

Umugabo wiwe Muiuane ni umudandaji kandi yarigeze gukora muri kompanyi ikora itabi ya ‘British American Tobscco’.

Abo ko ari babiri bubakanye mu 2014 mu birori vyitabwe n’abatumire 1.700 harimwo prezida wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, umwami wa Swaziland, Mswati wa gatatu hamwe n’umukobwa w’umukuru w’igihugu ca Angola, Isabel dos Santos.

Baribarutse umwana w’umwigeme mu mwaka uheze.

Armando Guebuza yavuye ku butegetsi nk’umukuru w’igihugu mu mwaka 2014 inyuma yo gutwara ibiringo bibiri.