Adama Barrow azigena ka prezida kwezi kwa mbere

Adama Barrow, i bubamfu, yatsinze Yahya Jammeh, i buryo, ku majwi menshi Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS/AFP
Image caption Adama Barrow, i bubamfu, yatsinze Yahya Jammeh, i buryo, ku majwi menshi

Prezida Barrow yavuze ko abantu biwe bariko barategura iyimikwa ryiwe kandi ko yasavye Jammeh kwubaha ishaka ry'abatoye.

Umurwi ujejwe amatora watangaje ko Barrow ariwe yatsinze itariki 1 z'ukwezi kwa cumi na kabiri.

Jammeh yaciye yitura sentare ngo yanke ivyavuye mu matora inyuma yaho yari yiyemereye ko yatsinzwe.

Inteko ziwe z'umutekano zaciye zija kwugariza ibiro vy'umurwi ukurikirana amatora biri ku murwa mukuru Banjul.

Gambia ntirigera irangwamwo ihererekana ritekanye ry'ubutegetsi kuva ico gihugu cikukiye kikikura ku Bwongereza mu 1965.