Cuba yemeye kuriha ideni rya Republika ya Tcheque mu gutanga inzoga ya rum

Inzoga ya Rum ikorerwa muri Cuba irakunzwe cane muri republika ya Tcheque Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Inzoga ya Rum ikorerwa muri Cuba irakunzwe cane muri republika ya Tcheque

Cuba yatoye uburyo bushasha bwo kuriha amamiriyaridi y’amadolali gifitiye republika ya Tcheque, mukubaha amacupa y’inzoga yabo izwi cane ya Rum, nk’uko bivugwa n’abategetsi b’ico gihugu.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca reta bwa republika ya Tcheque, buvuga ko Cuba yavuze ko yokoresha ubwo buryo mu biganiro biheruka kuri ico kibazo c’amadeni.

Igihugu ca Cuba gifitiye republika ya Tcheque amadolali imiliyoni 276, mu gihe rero vyokwemerwa, igihugu ca Tcheque gishobora kuronka inzoga ya Rum yo muri Cuba ikwiye mu kiringo kirenga ikinjana.

Ariko igihugu ca Tcheque kivuga ko cipfuza ko corihwa amahera na makeyi agaragara.

Ideni rya Cuba n’iryo kuva mu ntambara ya kabiri y’isi yose – aho Cuma n’icahoze citwa Tchecoslovaquie bari mubagize intwaro ya gikominista.

Ubu Cuba nta mahera bafise menshi ariko ifise inzoga za Rum nyinshi – ari na yo mpamvu basavye ivyo bintu bitamenyerewe, nk’uko bivugwa n’umumenyeshamakuru wa BBC Rob Cameron akorera I Prague.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca reta wa republika ya Tcheque avuga ko bishoboka ko bariha batanze Rum canke imiti.

Ariko imiti ikorerwa muri Cuba ntifise uburenganzira bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, gutyo kuriha hatanzwe imiti kama- isanzwe ikunzwe cane muri republika ya Tcheque – bishobora kworoha nk’uko abandanya avuga uwo mumenyeshamakuru wa BC.