Umushikiranganji wa Nigeria yagenywe kuba icegera ca Guterres

Amina Mohammed ni umushikiranganji w'ibidukikije muri Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amina Mohammed ni umushikiranganji w'ibidukikije muri Nigeria

Uwitezwe kuba umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres, yagenye umunya Nigeria Amina Mohammed kuba icegera ciwe.

Guterres yagenye abandi bapfasoni babiri mu bibanza bihambaye mw'ishirahamwe mpuzamakungu Onu.

Iryo tangazo rya Guterres yaricishije ku muvugizi wiwe Stephane Dujarric.

Umupfasoni Amina Mohammed ni umushikiranganji w'ibidukikije mu gihugu ca Nigeria.

Yarabaye icegera c'umunyamabanga mukuru wa Onu arangije ikiringo ciwe, Ban Ki-moon, ku mugambi werekeye iterabere ryo gushika muri 2030.

Gushika ubu reta ya Nigeria ntiravuga ko yamenyeshejwe iryo genwa.

Inyuma yo kurahizwa, Guterres yavuze ko ikibazo c'iringanira ry'ibitsina kizoshirwa imbere cane mu migambi yiwe y'ishirahamwe mpuzamakungu Onu.

Uwo mutegetsi mushasha wa Onu azotangura akazi kiwe mu kwezi kwa mbere mu 2017, akaba afise ikiringo c'imyaka itanu.