Abasirikare 11 bishwe n'abarwanyi muri Burkina Faso

Abarwanyi ba ki Islam bo muri Mali bafise ibirindiro ku rubibe na Burkina Faso Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abarwanyi ba ki Islam bo muri Mali bafise ibirindiro ku rubibe na Burkina Faso

Igisirikare muri Burkina Faso kivuga ko abasirikare cumi n'umwe bishwe n'abarwanyi ba ki Islam hafi y'urubibe n'igihugu ca Mali.

Abandi babiri baburiwe irengero, nyuma y'igitero c'abarwanyi bashika ku mirongo ine ku kigo c'abo basirikare.

Abo barwanyi baje mu miduga no ku mapikipiki bitwaje amabendera yirabura.

Abasirikare barungitswe muri ako karere kurinda urubibe rwa Burkina Faso na Mali rutazitiye, aho abarwanyi ba ki Islam bafise ibirindiro.

Mu kwezi kwa mbere abarwanyi ba ki Islam bishe abantu mirongo itatu kw'ihoteli ku murwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou.