Amerika ivuga ko Ubushinwa bwafashe "drone" yayo

Ubwato USNS Bowditch bwo muri Amerika bwarekuye drone mu kiyaga yafashwe n'Ubushinwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubwato USNS Bowditch bwo muri Amerika bwarekuye drone mu kiyaga yafashwe n'Ubushinwa

Abajejwe igisata co kwivuna abansi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko ubwato bw'ingwano bw'Ubushinwa bwafashe akuma drone kagira munsi y'amazi.

Iyo drone igira munsi y'amazi ngo yari yarekuwe n'ubwato bugira ubushakashatsi bwo muri Amerika mu kiyaga c'ubumanuko bw'Ubushinwa.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna umwansi bwa Amerika, Pentagon, buvuga ko iyo drone itagira umudereva yariko iratororokanya amakuru atari ay'ibanga mu karere k'amazi mpuzamakungu hafi ya Philippines kuwa kane.

Abajejwe intwaro basavye ubushinwa gusubiza iyo drone bakaba kandi biyamirije ico gikorwa ku buryo bwa ki diplomasi.

Gushika n'ubu Ubushinwa ntaco burabivugako.