Prezida Mugabe ngo arazi ko hari abatamushaka muri ZANU

Mugabe yiyama abarwanira ibibanza muri ZANU-PF Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mugabe yiyama abarwanira ibibanza muri ZANU-PF

Umukuru w'igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe, yabariye ibihumbi vy'amamushigikiye ko azi yuko hari abategetsi bo hejuru mu mugambwe wiwe batakimushaka.

Aho yafata ijambo mu nama idasanzwe ya ZANU-PF iba buri mwaka, yiyamirije abarongoye umugambwe abagiriza kuba barwanira ibibanza hamwe no kuzana ico yise umuco mushasha wo kutubaha.

Yavuze ko bari bakwiye kureka ivyo gukorera ibikorwa vy'umugambwe ku mbuga hwaniro.

Hamaze iminsi hari urukurukuru mu mugambwe, kw'izina ry'uwuzosubirira bwana Mugabe w'imyaka mirongo icenda n'ibiri.