Syria: Kwimura abantu bava Aleppo birabandanya

Itangazamakuru ry'igihugu ryavuze ko amabisi yinjiye mu buseruko bwa Aleppo inyuma y'umutaga ariko amara amasha menshi atarasubira guhaguruka Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Itangazamakuru ry'igihugu ryavuze ko amabisi yinjiye mu buseruko bwa Aleppo inyuma y'umutaga ariko amara amasha menshi atarasubira guhaguruka

Niburiburi abantu 350 nibo boba bavuye mu turere twari twifatiwe n'inyeshamba ku munsi wa Mungu baja mu tundi duce tugifiswe n'inyeshamba.

Muri abo bagiye harimwo umwana w'umuhungu w'imyaka indwi Bana Alabed yaciye yandika ku buryo bwa Twitter ingene ubuzima bwifashe mu turere twafashwe two muri Aleppo.

Ikindi gikorwa gitandukanye co kwimura abanyagihugu catanguye ku wa mbere hakiri kare mu turere twa reta two mu ntara ya Idlib twafashwe n'inyeshamba.

Abantu baharurwa mu bihumbi baracarindiriye kuva mu buseruko bwa Aleppo aho ubuzima butifashe neza muri kino gihe.

Akanama ka Onu kajejwe umutekano kamenyesheje ko hari amasezerano yapfunditswe yemerera abakozi bako kugenzura ivyo bikorwa. Mbere yaho Uburusiya bwariyamirije umugambi washikirijwe n'igihugu c'Ubufaransa wo kurungika abakozi ba Onu mu buseruko bwa Aleppo ko wotuma "ibintu vyunyuka".

"Twibaza ko tugiye kwemeza turi benshi ano masezerano muri ino ndwi", uwuserukira Amerika muri Onu Samantha Power niko yavuze.

Inama y'akanama ka Onu kajejwe umutekano itangura 09:00 (14:00 GMT) i New York.

Ku munsi wa gatanu ibikorwa vyo kwimura abanyagihugu mu duce turi mu minwe y'inyeshamba vyaraburagijwe, abanyagihugu b'abasivile baguma bajumarariwe mu bibanza bitandukanye ku mabarabara badafise aho bakika umusaya n'ico bacisha ku munwa. Ibisasu bitegwa mu buseruko bwa Aleppo vyatumye abanyagihugu babura imiti.

Naho ku munsi wa Mungu vyari vyanse, amabisi n'imodoka zunguruza abarwaye zarashoboye kugenda ijoro ryinjiye.

"Ibikorwa vyo kwimura abanyagihugu birabandanya", umukozi wa Onu niko yanditse mu butumwa yarungikiye ikigo c'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, yongera avuga ko abantu ba mbre bavuye Aleppo 23:00 (21:00 GMT). Ahmad al-Dbis,

Amabisi atanu atwaye abimuwe yashitse mu karere Khan al-Assal kagenzurwa n'inyeshamba, ikigo c'itangazamakuru AFP niko camenyesheje mu makuru cashikirijwe na Ahmad al-Dbis arongoye umurwi w'abaganga ukurikirana ivyo bikorwa vyo kwimura abanyagihugu. ,

Bavuye aho i Khan al-Assal, abimuwe baca bajanwa mu duce twa Aleppo no mu ntara za Idlib.

Kugira ngo igikorwa co kwimura abanyagihugu bo mu buseruko bwa Aleppo gisubire, abagwanyi bakorana n'ubutegetsi bwa Syria basavye ko abanyagihugu bari mu bigwati bigwiriyemwo abantu bo mu bwoko bw'aba Shia biri Foah na Kefraya vyigaruriwe n'inyeshamba nabo nyene bokwemeregwa kuhava.

Imbonerakure y'igihugu Syrian state TV hamwe n'ikigo co mu Bwongereza citaho ihubahirizwa rya zina muntu Syrian Observatory for Human Rights vyavuze kuri uno wa mbere ko amabisi cumi ariyo yavuye muri ivyo bigwati atwaye abantu 500 ku 4 000 bahaba.

Ku munsi w'Imana hakiri kare, abantu bafise ibigwanisho bararashe ibisi zitanu zikuye abagwaye n'abakomeretse muri ivyo bigwati.

Amakuru ava mu bigo bitandukanye vy'itangazamakuru avuga ko umurwi Jabhat Fateh al-Sham group ucuditse na al-Qaeda ariwo woba wari inyuma y'ico gitero.

Ariko abo mu murwi Hezbollah, umurwi w'abagwanyi baturuka muri Libani ukorana na reta ya Syria, wavuze ko uwo mucanwa waturutse ku ngwano yari hagati y'abagwanyi b'aba Jihadistes n'uwundi murwi ugendera ku vyiyumviro vya islamu ushigikiye ivyo bikogwa vyo kwimura abanyagihugu.

Uwo murwi w'aba Jihadistes ntaco washatse kuvuga kuri ayo makuru.