Abategetsi bakomeye bakorana na Buhari barikekwa ku bijanye na ruswa

Prezida Buhari yihaye intego yo kurwanya ibiturire kuva afashe ubutegetsi mu mwaka uheze
Image caption Prezida Buhari yihaye intego yo kurwanya ibiturire kuva afashe ubutegetsi mu mwaka uheze

Iryo tohoza rizogirwa kuri Ibrahim Magu, arongoye vy'agateganyo ikigo kigwanya abarya ibiturire hamwe n'abanyuruza itunga ry'igihugu hamwe na Babachir Lawal, umunyamabanga wa reta ari mu kagwi k'abagize reta begereye cane umukuru w'igihugu nkuko amakuru ava mu bigo vy'itangazamakuru vyo mu gihugu avuga.

Bivugwa ko Magu yoba yaremeye guhabwa inzu n'umusirikare w'umukukuruke yahora ari mu gisirikare co mu kirere, akaba yahakanye ico kirego yivuye inyuma.

Ku vyerekeye Lawal, yagirijwe mu ndwi iheze, mu cegeranyo c'inama nkenguzamateka, ko yanyuruje amahera ya reta $800 000 yari agenewe gusanura uturere twabomowe n'ingwano ya Boko Haram mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu.

Nawe nyene yahakanye ivyo aregwa.

Mu itangazo ryasohowe, umuvugizi wa Buhari Garba Shehu ntiyavuze amazina y'abo bantu babiri:

"Ibiro vy'umukuru w'igihugu vyarashikiriwe n'amakuru y'ibigo vy'itangazamakuru arimwo ibirego vya ruswa vyegekwa ku bategetsi bo ku ngazi zo hejuru bo mu ntwaro.

Kuri ivyo, Prezida Buhari yasavye Umushikirizamanza mukuru gukora amatohoza ku bategetsi baregwa kuba baragize amakosa. Ni hagira uwo vyigaragara ntazoreka guhanwa."

Buhari aramaze gukundwa n'abanyagihugu kubera kugwanya ruswa kuva aho agiriye ku butegetsi mu mwaka uheze, ariko hari abasanga akurikirana cane abahora mu ntwaro iheruka ya Goodluck Jonathan.

Ni vyaba ari vyo, iryo tohoza kuri abo babiri rizoba rihambaye cane-na cane cane ko Lawal acuditse cane na Buhari kandi bivugwa ko yoba ari mu bantu bari ku rushi bafise ico bahanura mu ntwaro yiwe.

Avugwa ko ari mu bantu umukenyezi w'umukuru w'igihugu Aisha Buhari yasa n'uwuvuga igihe abwiriye BBC ko reta ya Buhari "yanyurujwe" n'"abantu bake".