Christine Lagarde yagiwe n'icaha co gusamara

International Monetary Fund chief Christine Lagarde, right, arrives at the special Paris court, France, 12 December Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption International Monetary Fund chief Christine Lagarde, right, arrives at the special Paris court, France, 12 December

Ari umushikiranganji w'Ubufaransa w'ikigega ca reta mu mwaka 2008, yarategetse ko umugwizatunga Bernard Tapie yorihwa amahera €404m ($429m; £340m) ku ishirahamwe ryagurishijwe ryari mu matati.

Umukenyezi Lagarde yagumye ahakana ko ata kibi yakoze. Ntiyari muri sentare mu gihe yaheruka kuva mu Bufaransa agiye i Washington.

Umugwi nshingwantwaro wa IMF utegekanya gukorana ngo wihweze ivyashitse.

Hagataho, reta y'Ubufaransa ivuga ko igifise icizere kuri uwo mukuru wa IMF.

Ku munsi wa gatanu, Lagarde yabwiye ubucamanza ko yamye akora umutima utekanye ko ivyo yikekwa bimaze imyaka itanu ari nko "kwikorera umusalaba".