Arsene Wenger aridogera abahagarikizi

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger avuga ko ibitego bibiri vyinjijwe na City baraririye Uwufise ububasha kw’isanamu EMPICS
Image caption Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger avuga ko ibitego bibiri vyinjijwe na City baraririye

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, yavuze ko abahagarikizi b’inkino mu Bwongereza bacungerewe nk’intare mu mashamba, inyuma y’aho Arsenal itsindiwe na Manchester City 2-1 ku musi w’Imana.

Wenger yavuze ko uguhagarikira urukino nabi vyatumye umugwi wiwe utsindwa.

Arsenal ni yo yatanguye kwinjiza imbere y’uko Leroy Sane atsinda igitego co kunganya, n’aho amasanamu yerekana ko yari yaraririye.

Na David Silva na we nyene yari yaraririye igihe Raheem Sterling yatsinda igitego kigira kabiri cabahaye intsinzi.

“Biragoye kwemera ibivuye mu rukino nk’uru.” Ni ko Wenger yavuze.

”Ariko birazwi ko abahagarikizi bakingiwe bikomeye nk’intare mu mashamba, kuri ivyo dutegerezwa kwemera ingingo bafashe.”

Aho yasabwa gusigura neza, Wenger yavuze: ” Nshaka bakingirwe neza, kandi nipfuza ko babizeza umutekano wabo, ariko mu gihe boba bahagarikira neza, vyoba vyiza gusumba.”

Yongeyeko ko: ”Ndategera kuba City ifise akanyamuneza nta ngere – Na jewe nari kunezerwa – Ariko nibaza ko ivyo bitego vyinjijwe habaye ukurarira.”

Mu gice ca mbere, Arsenal ni bo bari bafise igitego cinjijwe na Theo Walcott ariko mu nyuma mu gice ca kabiri City yaciye itsinda ibitego bibiri.

Iyo ntsinzi yatumye baca bacako Arsenal baja mu kibanza ca kabiri mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, Arsenal na bo baca baramanuka mu kibanza ca kane.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Urukino hagati ya Arsenal na Man City

Wenger kandi yaranebaguye uko umuhagarikizi yavyifashemwo mu rukino batsinzwe na Everton ku musi wa kabiri, ingingo yatumye umumenyereza wa Everton, Ronald Koeman, amutwenga kuba avuga ko atashimye igikorwa c’umuhagarikizi Mark Clattenburg.

”Ibaye indwi mbi cane,” ni ko Wenger yavuze.

”Ikibabaje gusumba n’uko twakinye neza izo nkino zibiri, ariko tugatahukana ubusa, kandi muri izo nkino zose ni twebwe twatanguye kwinjiza, ariko turuhira gutsindwa.”

Arsenal izohura na West Brom kw’itariki 26 ukwezi kwa cumi na kabiri, hanyuma bahure na Crystal Palace ku musi w’umwaka mushasha.