Amerika: Abaserukira abandi bemeje intsinzi ya Trump

Donald Trump ariko arashikiriza ijambo i Crown Coliseum mu kwezi kwa cumi na kabiri itariki 6 mu 2016 mu karere ka la Fayetteville, North Carolina. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Donald Trump ubu ni we agiye kuba prezida wa 45 wa Amerika

Umugwi w'abaserukira abandi bajejwe kwemeza itsinzi ya Trump, batoye Donald Trump ko ari we yatsinze amatora ya prezida yabaye mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Ibi n'inyuma y'aho habaye akigoro ko mu mwanya wa nyuma ko kubuza ko Trump aba umukuru w'igihugu mu kwezi kwa mbere.

Indwi zitandatu inyuma y'amatora y'umukuru w'igihugu yabaye itariki 8 ukwezi kwa cumi na rimwe, Trump yaronse abaserukira abandi 270, yari akeneye kugira yemezwe ko ari we abaye prezida wa Amerika.

Inyuma y'iyo ntsinzi, Trumo yiyemeje "gukora akazi mu kunywanisha abantu no kuba prezida wa bose".

Abaserukira abandi bari barungikiwe ubutumwa bwinshi bwa mail eka mbere no guhamagarwa kuri telefone babasaba kutaza gutora Trump imbere y'uko bahura ngo batore.

Akazi kabo ko gutora, mu bisanzwe ni nko guheza ibwirizwa gusa, aho bemeza uwuba yatowe, ariko uyu mwaka amatora yagiyemo imyidogo myinshi y'uko Uburusiya bwayivanzemwo.

Intara ya Texas ryaratumye aronka abaserukira abandi 270 yari akeneye, n'aho babiri muri bo banse kumwemeza.

Ikinyamakuru ca New York Times na co kivuga ko hari abaserukira abandi bane b'umugambwe w'abademokrate Hillary Clinton aturukamwo batoye uwundi.

Ivyavuye muri ayo matora bizoshirwa ahabona itariki 6 ukwezi kwa mbere mu nama idasanzwe y'abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka.

"Ndashimiye abanyamerika kuba bantoye ari benshi ngo mbe prezida wa Amerika," Uko ni ko Trump yavuze inyuma y'aho ivyavuye mu matora bimenyekaniye.

"Kuri iyi ntambwe idasanzwe, turashobora kuraba imbere no kwitega ubuzima bwiza mu misi iri imbere. Nzokora akazi n'umwete mwinshi mu kunywanisha abantu no mu kuba prezida w'abanyamerika bose," ni yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter/DonaldJ.Trump
Image caption Donald Trump yakoresheje Twitter mu gushimira abamushigikiye no mu kunegura ibimenyeshamakuru

Icegera ca prezida aherutse gutorwa Mike Pence yaciye akeza umutegetsi wiwe kuri iyo ntsinzi abicishije kuri Twitter, yandika: "Ndagukeje Donald Trump kuba yemejwe kuba prezida wa Amerika uyu musi n'umugwi w'abaserukira abandi."

Yongeyeko ko ari agateka nta ngere kuri we kuba yatorewe kuba icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika.

Ubwo butumwa bwiwe kuri Twitter bwakunzwe cane buranahanahanwa incuro nyunshi kuri iyo mbuga ngurukanabumenyi.

'Ntidushaka urwanko, ntidushaka Trump!'

Abariko baragerageza kubuza ko Trump atorwa bari bavuye hasi mu gusaba abaserukira abandi bo mu mugambwe w'abarepublicains ngo ntibashigikire uwo mukandida wo mu mugambwe wabo.

Abantu miliyoni na miliyoni barashize umukono ku rwandiko rubasaba kudahirahira ngo bashigikire Trump.

Umusi w'amatora, abantu ibihumbi n'ibihumbi baterekwa Trump biyegeranirije hamwe bagira imyiyerekano mu bisagara bikuru bikuru vyo mu ntara zose zo muri Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abari mu myiyerekano biyamiriza Trump

Mu ntara ya Pennsylvania, abantu bari mu myiyerekano barenga 200 barinze imbeho nyinshi bihereza amabarabara baririmba "ntidushaka Trump, ntidushaka KKK, ntidushaka abafashiste muri Amerika" kandi ngo " ntidutaka urwanko, ntidushaka Trump".

Mu ntara ya Maine, abari mu myiyerekano bavugije ingoma bitwaza n'ivyapa bivuga " Ntimureke Putin ngo adutware" - basubiramwo ivyo bagiriza Uburusiya ko bwashigikiye abasuma bo ku mbuga ngurukanabumenyi mu kwivanga mu matora ya Amerika, bashaka ko Trump atsinda.

Ariko abariko bariyamiriza Trump, nta bushobozi bari bafise bwo kumubuza kuba prezida.

Kugira babishikeko, bari bakeneye kugondoza abaserukira abandi 38 bo mu mugambwe wiwe kugira ntibamwemeze.

Ivyo i vyo gusa nkeka vyari gutuma ataja muri ico kibanza.

Iyo vyashika hakabura uwushikana amajwi 270, inama nshingamateka ni yo yaca itora umukuru w'igihugu.

Mu gihe bizwi ko higanjemwo abarepublicain, nta nkeka ko n'ubundi Trump ari we yari gutorwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Imyiyerekano mu gisagara ca Los Angeles

Ibindi bisa n’ibi