Hagenywe reta nshasha muri RDC

Prezida Kabila ari ku butegetsi kuva mu 2001 Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Prezida Kabila ari ku butegetsi kuva mu 2001

Uguhangana hagati y’abari mu myiyerekano biyamiriza ko prezida Kabila aguma ku butegetsi muri RDC n’igipolisi kwabaye mw’ijoro ku mugwa mukuru Kinshasa no mu bindi bisagara.

Humvikanye urwamo rw’amasase mu buraruko bw’ico gisagara.

Ukurikije ibwirizwa shingiro, ikiringo ca prezida Kabila co kurongora RDC carangiye mw’ijoro ryakeye, ariko nta matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kwa cumi na rimwe, ubu akaba atawushobora kumusubirira.

Akanya gato ikiringo ciwe kirangiye, umushikiranganji wa mbere Samy Badibanga, abicishije kuri television, yamenyesheje reta yiwe nshasha irimwo benshi mu batavuga rumwe na reta.

Imigambwe ikomeye itavuga rumwe na reta yaramaze kumenyesha ko izogwanya yivuye inyuma inzira iyo ari yo yose yotuma prezida Kabila aguma ku butegetsi.

Ibiganiro vyahora bihagarikiwe n’abasenyeri ba Eklezxiya Katolika birondera inyishu ibereye kuri ayo matati bizosubira kubandanya ku musi wa gatatu.

Reta yashizwe ahabona na Badibanga ku muri wa mbere irimwo abashikiranganji n’abafasha babo 67.

Hari ivyegera vy’umushikiraanganji wa mbere bitatu, abashikiranganji 34 hamwe n’ivyegera vy’abashikiranganji 23.

Bamwe mu bashikiranganji bahora muri reta birukanywe, haboneka n’ibindi bibanza bishasha 20, baca bava ku 47 bashika ku 67.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imyiyerekano yo gusaba prezida Kabila ngo ave ku butegetsi yabaye hirya no hino kw'isi.

Umwe mu vyegera vy’umushikiranganji wa mbere ni umukenguzamateka She Okitundu, azoraba ibibazo vy’imigenderanire n’amakungu.

Emmanuel Ramazani Shadari yagenywe kurongora ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, hanyuma Jose Makila agenwa kurongora ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru no kwiyunguruza.

Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Azaria Ruberwa na we nyene yagenywe muri iyo reta.