Amisom iri mu itohoza ku bwicanyi bwahitanye 11 muri Somalia

Abasirikare b'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika mu gikorwa co gukomeza umutekano muri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abasirikare b'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika mu gikorwa co gukomeza umutekano muri Somalia

Imodoka yo mu bwoko bwa "blindé" y'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika yoba yasetse inzu yica umugore n'abana biwe batanu mu bumanuko bw'ikivuko ca Marka ku munsi wa Mungu.

Imbere yaho, abasirikare barashe ibisi bica abantu batandatu barimwo.

Ibihumbi vy'abasirikare b'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika bari muri Somalia gufasha reta kugwanya umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu al-Shabab.

Naho abanyagihugu bavuga ko abantu batanu aribo bapfuye i Marka, buramatari avuga ko batandatu aribo bishwe.

"Imodoka ya Amisom yinjiye mu nzu yica umuvyeyi n'abana batanu,"buramatari wa Marka Hassan Omar Moalin niko yabwiye BBC yo mu rurimi rw'igisomali.

Yavuze ko ubwo bwicanyi bwabaye inyuma y'igisasu catewe imodoka za AU.

Mu gitero ca mbere, umunyagihugu yabibonye yavuze ko abasirikare buguruye umuriro kuri bisi hapfa abantu batandatu bari muriyo mu gisagara ca Qoryooley mu ntara ya Lower Shabelle ku munsi wa Mungu.

"Amisom irababajwe n'ivyabaye i Qoryooley aho igitero cahitanye ubuzima bw'abanyagihugu,"niko uwo murwi wavuze ku buryo bwa Twitter.

Amisom yabandanije ivuga ko iriko "iratohoza ibirego vyegekwa ku nteko zayo, yegeranya ayandi makuru imbere yuko isohora itangazo rikwiye".