Tshisekedi asaba kugarariza mu mutekano

Tshisekedi yasavye abanyagihugu kugarariza mu mahoro kuco yise ihirika ry'ubutegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Tshisekedi yasavye abanyagihugu kugarariza mu mahoro kuco yise ihirika ry'ubutegetsi

Etienne Tshikesedi yasavye abanye Congo kutemera ico yise "ubutegetsi butemewe n'amategeko bwa prezida Kabila".

Kuri video yashizwe kuri Youtube, Tshisekedi yavuze ko abanyagihugu bakwiye kugarariza mu mahoro kuco yise "ihirika ry'ubutegetsi".

Humvikanye urwamo rw'amasase i Kinshasa ku wa kabiri mu gitondo.

Abantu bari mu myiyerekano basavye ko Joseph Kabila ava ku butegetsi mu gihe ikiringo ciwe carangiye ku munsi wa mbere mw'ijoro.

Amatora yarungurujwe, ayo ngo ni amanyanga ya Kabila yo kurondera kuguma ku butegetsi, niko imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi ivuga.

Ku wa mbere ku mugoroba, Kabila yaragenye reta nshasha.