Umuriro wahitanye abantu 26 i Mexico

Mexico Uwufise ububasha kw’isanamu Mexican Red Cross/Twitter
Image caption Ifoto yo kuri Twitter yerekana ingene iyo soko yononekaye

Abantu 26 bapfuye abandi benshi barakomerekera mu muriro wadutse mw'isoko badandarizamwo ibintu biturika i San Pablito ku birometero 36 uvuye ku mugwa mukuru Mexico.

Uwo muriro watesheje umutwe abantu utuma biruka hirya no hino kugira banyage amagara.

Amasanamu yerekanywe kuri television muri ico gihugu yerekanye iryo soko ritwikiriwe n'urubeya rw'umuririo.

Imigwi itabara yashitse mu kibanza ivyo vyabereyemwokugira bafashe, abantu na bo bakaba bagabishijwe ngo ntibegere ico kibanza no kuva mu mabarabara.

Umukuru w'ako karere Eruviel Avila yavuze ko ubu inguvu nyinshi ziri mu gufasha abakomeretse, abatanga imfashanyo za reta bakaba bamaze kuhashika.

Ababibonye bavuga ko haturitse ibintu vyinshi, umwotsi n'urubeya bipfuka ikirere.

Prezida wa Mexique, Enrique Pena Nieto, abicishije kuri Twitter yahojeje ababuriye ababo muri uwo muriro.

Mu 2005, iryo soko ridandaza ibintu baturitsa mu misi mikuru ryarigeze gusha, igihe umuriro waduka igihugu kiriko kiritegurira umusi mukuru wo kwikukira.