Abakinyi indwi rurangiranwa ntibazokinira Cameroun muri Afcon

Cameroun Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Abakinyi b'umugwi nserukiragihugu wa Cameroun

Abakinyi indwi b'umugwi nserukiragihugu wa Cameroun ntibashaka kuja mu nkino z'igikombe co ku mugabane wa Afrika mu mupira w'amaguru zizotangura itariki 14 mu kwezi kwa mbere muri Gabon.

Abo bakinyi indwi rurangiranwa badashaka kuja muri izo nkino harimwo umukinyi w'inyuma wa Liverpool Joel Matip, atarakinira igihugu ciwe kuva mu 2014.

Umumenyereza w'umugwi wa Cameroun, Hugo Broos, yavuze ko abo bakinyi bashize inyungu zabo imbere gusumba izo umugwi nserukiragihugu, kuri ivyo rero ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri ico gihugu ritegerezwa gufatira ingingo abo bakinyi ryishimikije amategeko ya Fifa.

Allan Nyom, akinira umugwi wa West Bromwich Albion, yabwiye umumenyereza Broos, ko ashaka kubandanya akinira umugwi wiwe kugira ngo ntibamutware ikibanza.

Abandi bakinyi badashaka gukinira umugwi nserukiragihugu ni Andre Onana wa Ajax Amsterdam, Guy N'dy Assembe wa Nancy, Maxime Poundje akinira Girondins Bordeaux, Andre-Frank Zambo Anguissa wa Olympique Marseille hamwe na Ibrahim Amadou akinira Lille.