Prezida wa Gambia ashira umwikomo ku bahuza ba Ecowas

Yahya Jammeh arongoye igihugu ca Gambia imyaka 22 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Yahya Jammeh arongoye igihugu ca Gambia imyaka 22

Ishirahamwe ryo muri Afrika y'uburengero Ecowas ryamusavye kwubahiriza ivyo yari yavuze akemera ko yatsinzwe amatora.

Ku itariki imwe z'ukwezi kwa 12, Jammeh yavuze ko amatora yaranzwemwo amakosa, ko azogwanira igihugu ciwe ni vyakenerwa.

Ecowas yavuze ko ishobora gukoresha inguvu za gisirikare igihe inzira y'ibiganiro yoba yanse.

Jammeh yarituye sentare ngo ihanagure amatora igihe umurwi ujejwe kuyakurikirana uhinduye bimwe mu vyayavuyemwo.

Uwo murwi waravuze ko ivyabaye ata na kimwe bishobora guhindura ku wayatsindiye, ko Adama Barrow akorera mu gisata c'ubwubatsi yatsinze Jammey.

Jammeh yafashe ubutegetsi murako gahugu gato cane mu mwaka 1994 akaba yidogerwa kuba ahonyanga agateka ka zina muntu naho yama atunganisha amatora.

Mu ijambo ryamaze iminota 45 ku munsi wa kabiri mw'ijoro, Jammeh yarihagazeko avuga ko abakuru b'ibihugu vyo muri Afrika y'uburengero bahonyanze amategeko y'ishirahamwe Ecowas asaba kutivanga mu bibazo vy'igihugu kigenzi.

"Abo ni bande bashobora kumbwira ngo mpebe igihugu?", niko yavugiye ku mbonerakure.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abakuru b'ibihugu vyo muri Afrika y'uburengero barahuye na Prezida Jammeh (hagati) mu ndwi iheze

"Nta butegetsi na buwe bwo kuri ino si buzontera ubwoba. Nifuza ko ubutungane bukurikizwa.

"Ndi umunyamahoro ariko kandi sinkwiye gutinya. Ndi umunyamahoro ariko bidasigura ko ntazokwigwanira canke ngwanire igihugu nivuye inyuma, nk'uwukunda igihugu kandi ntsinde."

Umumenyeshamakuru wa BBC Umaru Fofana ari ku murwa mukuru Banjul, yavuze ko bwabaye ubwa mbere agira ico avuze kuva igihe abonaniye n'abakuru b'ibihugu ba Ecowas mu ndwi iheze. Yasavye ko hotunganywa amatora mashasha ko ariyo nzira nyayo yo kuva mu ruhagarara igihugu kirimwo.

Ku bw'umurwi wari uhagarariye amatora, ibitigiri vya nyuma vyifashe kuno:

Barrow yatsinze ku majwi 222 708 (43.3%)

Prezida Jammeh yaronse 208 487 (39.6%)

Umukandida wa gatatu Mama Kandeh, aronka 89 768 (17.1%)

Ivyo bitigiri vyarasubiwemwo n'umurwi uhagarariye amatora itariki 5 z'ukwezi kwa 12, igihe vyibonekeje ko hari amakarata y'amatora yateranijwe nabi.

Umuvugizi w'imigambwe itavuga rumwe na reta yashigikiye Barrow yavuze ko Jammeh atazokurikiranwa ni yava ku butegetsi.

"Prezida yatowe Barrow avuga ko azofata Prezida Yahya Jammeh nk'uwigeze gutwara igihugu kandi ko azomuhanuza,"niko Halifa Sallah yabwiye ikigo c'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Abasesengura ivya politike bavuga ko amakuru yuko ashobora gukurikiranwa yoba ariyo yatumye yivuguruza.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yagiriza Prezida Jammeh kuba yarakoreye amabi menshi abo batavuga rumwe ku butegetsi bwiwe bumaze imyaka 22.

Nta hindura ry'intwaro mu buryo butekanye ririgera riboneka kuva igihugu cikukiye kikikura ku Bwongereza mu mwaka 1965.