Umunye Tunisia 'yoba ari we yagize igitero i Berlin'

Umutekano uracungerewe cane mu Budagi inyuma y'ibitero Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Umutekano uracungerewe cane mu Budagi inyuma y'ibitero

Igipolisi c’Ubudagi kiriko kirarondera umunye Tunisia akekwako igitero co mw’isoko yaNoel I Berlin, nk’uko bimenyeshwa n’ibimenyeshamakuru.

Nk’uko biri ku ruhusha rw’agateganyo rwatowe musi y’intebe mw’ikamyo , uwo mugabo yitwa Anis A, yavutse mu 1992 mu gisagara ca Tataouine.

Bivugwa ko ibikorwa vy’igipolisi biriko birakorwa mu ntara y’Uburaruko Rhine-Westphalia aho urwo ruhusha rwatangiwe.

Abagira amatohoza bavuga ko uwo akekwako ubwo bwicanyi yoba yarakomeretse ariko aragwana n’umudereva w’iyo kamyo.

Inkuru zitangwa n'ibinyamakuru vya Allgemeine Zeitung na Bild, uwo munye Tunisia afise imyaka iri hagati ya 21 na 23 akaba azwi ku mazina atatu atandukanye.

Imboneshakure ya N-TV ivuga "Ingingo zikomeye zafashwe" muri Buraruko bwa Rhine-Westphalia ariko nta do n'ido bavuze.

Ku munsi wa kabiri igipolisi cararekuye umuntu umwe yari yafashwe, kivuga ko ata cemeza ko afitaniye isano n'ico gitero.

Umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Islamic State (IS) wavuze ko umuntu umwe wabo ariwe yakoze ico gitero, ariko ntiwatanga ivyemezo.

Uwari yafashwe Naved B aturuka mu gihugu ca Pakistani yarahakanye ko ata sano na rito afitaniye n'ico gitero.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwuri yafashwe yagiriza ubwo bwicanyi yarekuwe ku wa kabiri

Igipolisi kivuga ko ata kintu na kimwe catoye cerekana ko yari muri iyo modoka.

Amaze kurekurwa, ubutegetsi buvuga ko abakoze ico gitero bategerezwa kuba barahunze.

"Nta muntu azoruhuka uwakoze canke abakoze ico gitero badafashwe,"niko umushikiranganji w'intwaro yo mu gihugu Thomas de Maiziere yabwiye ikigo c'itangazamakuru c'Ubudagi.

Hagataho biramaze kuja ahabona ko umushoferi w'iyo kamyo ashobora kuba yaragwanye n'uwo muntu yakoze igitero igihe iyo modoka yariko irajanwa mu isoko.

Umugabo yitwa Lukasz Urban aturuka mu gihugu ca Pologne basanze yapfiriye ku ntebe iri iruhande yiy'umudereva afise ibikomere vy'amasase n'imbugita.

Nkuko ico kigo c'itangazamakuru c'Ubudagi cabwiwe n'abakora itohoza ngo hari ibimenyetso ko naho yacumiswe Urban yagwaniye "volant" n'uwo muntu yakoze igitero.

Umutegetsi yavuganye n'ikigo c'itangazamakuru Bild yavuze ko inyuma yo gusuzuma ikiziga ko umushoferi yapfuye arashwe igihe imodoka ihagarariye. Nta nkoho yatowe.