Habonetse agahengwe muri RDC

Agahengwe kabonetse mu mabarabara y'i Kinshasa
Image caption Agahengwe kabonetse mu mabarabara y'i Kinshasa

Agahengwe kabonetse mu mabarabara yo ku mugwa mukuru wa RDC, Kinshasa hamwe no mu bindi bisagara bikomeye vyo muri ico gihugu inyuma y’imyiyerekano.

Umukuru w’abatavuga rumwe na reta, Etienne Tshisekedi, yahamagariye abanywanyi biwe kwiyamiriza reta ya prezida Joseph Kabila.

Abantu barenga 20 biciwe mu mishamirano inyuma y’aho ikiringo ca prezida Kabila co kurongora RDC ku musi wa mbere mw’ijoro, mu gihe n’amatora yungururijwe mu mwaka wa 2018.

Vyitezwe ko Ekleziya Katolika ibandanya ibiganiro bihuza abatavuga rumwe na reta hamwe n’abari ku butegetsi.

Image caption Abantu barenga 20 ni bo bapfitiye mu mishamirano y'abari mu myiyerekano n'igipolisi

Umumenyeshamakuru wa BBC mu gisagara ca Kinshasa avuga ko Ekleziya Katolika yubashwe cane muri ico gihugu kuva kera kandi ko ivyo biganiro bishobora kugabanura ubwoba buhari mu gihe abatavuga rumwe na reta batokumvikana n’abari ku butegetsi batokwumvikana.