Trump yagenye Peter Navarro kurongora umurwi ujejwe ivy'ubudandaji

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Politike ya Donald Trump ntiyakiriwe neza n'igihugu c'Ubushinwa

Navarro agiye kurongora umurwi w'igihugu mushasha ujejwe ubudandaji uzokorera mu biro vy'umukuru w'igihugu yongere abe umuyobozi w'ubudandaji n'amahinguriro.

Uwo mugabo yarangije muri kaminuza yari umuhanuzi wa Trump igihe yiyamamariza amatora.

Ibitabo yanditse birimwo "The Coming China Wars" na "Death by China" aneguramwo cane politike y'igihugu c'Ubuchinois.

Igihe c'amatora prezida yatowe yarashimikiye cane ku bijanye n'ubudandaji mu iyamamaza ryiwe, anegura amwe mu masezerano Amerika yagiranye n'Ubushinwa hamwe na Mexique.

Trump aramaze gushavuza Ubushinwa mu kuvugana na prezida wa Taiwan ku telefone, aba ahonyanze politike imaze imyaka myinshi yuko "Ubushinwa na Taiwan" ari igihugu kimwe.

Yarifatiye mu gahanga Ubushinwa kuri Twitter ku kuba bwarakoroje agaciro k'ihera ryabwo ngo bwipfuza guhiganwa na Amerika mu vy'ubudandaji, kimwe mu vyo yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu UNIVERSITY OF CALIFORNIA, IRVINE
Image caption Navarro ni umwigisha wa "Economie" kuri Université ya California, Irvine

Umurwi uriko urakorana na prezida Donald Trump muri kino kiringo mfatakibanza wavuze ko igena rya Navarro "ryerekana ishaka rya prezida yatowe ryo gusanura igisata c'amahinguriro".

Abandi bahinga mu vy'ubutunzi basanga iyo ngendo isa niyisotora Ubushinwa ku vy'ubudandaji ishobora gukwega ingwano mu vy'ubudandaji, impande zose zogiramwo ingaruka mbi.