Crystal Palace yirukanye umumenyereza Alan Pardew

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umumenyereza Alan Pardew

"Uravye ingene twakinye neza mu gice ca kabiri ca 2015/16, mu higanwa rya 2015/16 twarashitse ku songa habura gato ngo dutsinde ihiganwa "FA cup".

"Igihe yarafise uyu murwi, Alan yarakoze cane aritanga, yarateje imbere ibisata vyinshi vy'umurwi nkaba ndamwifurije kuroranirwa muri kazoza.

"Mu gihe hari inkino zikomeye muri ino misi mikuru, umurwi wipfuza gushiraho uwundi muntu ningoga ariko nta zina twotanga muri kino gihe."

Umurwi Crystal Palace uri mu kibanza ca 17 mu ihiganwa rya Premier League.

Pardew yari yagenywe inyuma y'amasezerano y'akazi ku myaka itatu n'inusu mu kwezi kwa mbere 2015 ariko uwo mugabo w'imyaka 55 yidogegwa kukuba yashoboye gutsinda rimwe gusa mu nkino 11.

Uwigeze kumenyereza umurwi w'igihugu c'Ubwongereza Sam Allardyce niwe anugwanugwa mu bomusubirira.