Kenya: Umugambwe uri ku butegetsi wemeje itegeko ry'amatora

Image caption Inama nshingamateka ya Kenya

Iryo tegeko rizotuma hakoreshwa iminwe mu kwandikwa abatora, kubara amajwi no kuyarungika. Ivyo ngo bitegekanywa ahantu hashobora kubura umuyagankuba canke hashobora kubura umuhora (réseau)

Abashingamateka bo mu migambwe iri ku butegetsi bemeje iryo tegeko benshi muri bagenzi babo bo mu migambwe itavuga rumwe na reta "Coalition for Reforms and Democracy"(CORD) basohotse, bagiye kwitura ubutungane.

Kizigenza wabo Raila Odinga yavuze ko badashobora kwemera iryo tegeko ngo "ryotuma ubutegetsi bwiba amajwi" ko bipfuza kuja mu matora atunganijwe ku mugaragaro, asaba abanyagihugu kwitaba imyiyerekano mu kwezi kuza.

"Twahisemwo gukoresha inguvu ibwirizwa shingiro riturekurira, dusaba abakenya ngo bashwabaduke mu mahoro mu myiyerekano yo gusaba amatora ashingiye kuri demokrasi mu gihugu cacu nkuko twabivuze ejo "adakozwe ku mugaragaro nta matora".

Abaserukira CORD bagiye kwitura ubutungane ariko bukaba bwamenyesheje ko bikenewe ko bwumviriza impande zose.