Alep yasubiye mu minwe ya reta ya Syria

Abantu bamwe bamwe bari mu munezero mu gisagara ca Alep Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu bamwe bamwe bari mu munezero mu gisagara ca Alep

Igisirikare ca Syria kimenyesha ko cigaruriye igisagara cose ca Alep inyuma y'aho umugwi wa nyuma w'abagwanyi ukiviriyemwo, ariko ico gisagara carononywe cane n'intambara.

Imboneshakure ya reta yerekanye isinzi ry'abantu bazungagiza ibendera mu kirere ari nako basemerera ko bashigikiye prezida wa Syria Bashar al Asaad.

Ni intsinzi ikomeye cane inyuma y'imyaka itandatu y'intambara.

Abantu bashika 34.000 harimwo n'abagwanyi bavuye muri ako karere ko mu buseruko bwa Alep mu ndwi iheze.

Umuyaga n'amabarabara ameze nabi vyatumye igikorwa co gukurayo abo bantu kigorana, bikaba vyatumye bamwe barindira amasaha menshi.

Abantu bariko barimurwa bava mu buseruko bwa Alep, bajanwa mu karere kari mu minwe y'abagwanyi mu bumanuko bw'igisagara ca Idlib.

Nk'uko biri mu masezerano y'Uburusiya na Turkia, abantu bari mu bisagara bigenzurwa na reta vya Foah na Kafraya biri mu ntara ya Idlib, izungurutswe n'abagwanyi, na bo bavuyeyo.

Yasser al-Youssef, wo mu mugwi w'abagwanyi ba Nureddin al-Zinki, yavuze ko ibohozwa ry'igisagara ca Alep, ari agahombo gakomeye.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu barenga 34.000 baramaze kuvanwa mu gisagara ca Alep kuva ku wa kane uheze