Muka prezida Mugabe yategetswe gusubiza inzu zitatu

Iyo mpeta ya Grace Mugabe yayihawe igihe yahimbaza imyaka 20 iheze yubatse urwiwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iyo mpeta ya Grace Mugabe yayihawe igihe yahimbaza imyaka 20 iheze yubatse urwiwe

Umucamanza umwe wo mu gihugu ca Zimbabwe yategetse muka prezida Robert Mugabe, Grace Mugabe, gusubiza inzu zitatu yatse ku nguvu umudandaza umwe wo mu gihugu ca Liban, bivuye kw'isoko ryatanzwe ryo kugura impeta ikozwe mu butare bwa 'diamant' iciye imiliyoni 1.35 y'amadolali.

Muri urwo rubanza uwo mugwizatunga yitwariyemwo umupfasoni wa prezida Mugabe, Grace Mugabe yashaka asubizwe amahera inyuma y'aho iyo mpeta y'agaciro yaguzwe i Dubai yazanwa iwe ariko ikozwe n'uwundi muntu.

Jamal Ahmed amaze kunanirwa kuriha ayo mahera kuri konte mu gisagara ca Dubai, n'aho yari yavuze ko ayo mahera yayarungitse akoresheje iyindi banki imwe yo muri Zimbabwe, umupfasoni wa prezida Mugabe yaciye afata ku nguvu inzu ziwe zitatu mu kwezi kwa cumi.

Umucamanza Clement Phiri yavuze ko kandi umupfasoni wa prezida Mugabe ategerezwa kugenzura neza ko abantu bose bakora muri izo nzu basubijwe ku kazi.

Iyo mpeta kari nk'agashimwe ka Grace Mugabe yahawe igihe yahimbaza imyaka 20 yari iheze yubatse urwiwe.