Nigeria yahakanye ibirego vy'"umuceri wa plastique"

Ikigo gitoza amakori cavuze ko uwo muceri umata nk'uburembo utetse
Image caption Ikigo gitoza amakori cavuze ko uwo muceri umata nk'uburembo utetse

Umushikiranganji w'ubuvuzi Isaac Adewole yanditse kuri Twitter ko ikigo kijejwe gusuzuma ibifungugwa ata kintu na kimwe catoye cerekana iyo plastique ivugwa.

Uwurongoye ikigo gitoza amakori mu muji wa Lagos Haruna Mamudu yavuze ku musi wa gatatu ko uwo muceri utari wo wari ugenewe kugurishwa igihe c'imisi mikuru.

Nta wuzi neza iyo iyo mifuko 102 yafashwe yavuye ariko umuceri ukozwe muri plastique warafashwe mu Bushinwa mu mwaka uheze.

Image caption Umufuko umwumwe urimwo 25kg w'uwo muceri utari wo

Adewole yavuze ko ico kigo "kizoshikiriza icegeranyo abanyagihugu ni carangiza itohoza", asaba abanya Nigeria kuguma batekanye.

Umumenyeshamakuru wa BBC Stephanie Hegarty ari i Abuja yavuze ko ico cegeranyo kizosohoka ku musi wa kabiri.

Mamudu yavuze ko uwo muceri wamata nk'uburembo utetse "Imana yonyene ngo niyo izi ivyoshitse"iyo abantu bawurya.

Umumenyeshamakuru wa BBC i Lagos Martin Patience yimotereje uwo muceri yavuze ko usa n'uwukuri ariko ko ufise akamoto k'imiti.